RD Congo : 'Ni ikimenyetso c'uko atigeze akunda igihugu', Tshisekedi kuri Kabila na FRN.
Sinumva ukungene umuntu yigeze kuyobora igihugu n'amamiriyoni y'abanyagihugu ashobora gutsindwa n'ishavu, bikamunanira kwifata, agafata ibirwanisho, akabihindukiriza kuri ba bantu yayobora imyaka 18 yose".
Aya ni amajambo ya Perezida Felix Tshisekedi avuga ku wo yasubiriye, Joseph Kabila, aherutse gutangaza ko ari we arongoye urunani rushasha rwa poritike na gisirikare, rwashinzwe mu ntango z'uku kwezi kugira ngo rurwanye ubutegetsi bwa Kinshasa, rusubiriye AFC/M23.
Mw'ijambo yashikirije inama y'abashingamateka b'urunani rwiwe ruri ku butegetsi mu mpera z'indwi iheze, Perezida Tshisekedi yavuze ko adatangazwa no kubona Kabila ava mu gacerere, akavuga ariko ko akoreshwa n'Urwanda.
Kuva uno muhari mushasha utangajwe ku mugaragaro, ni bwo bwa mbere umutegetsi wa Repuburika ya Demokarasi ya Congo ( RD Congo) agize ico ashikiriza ku mugaragaro, haba kw'ishingwa ryawo canke kuri Joseph Kabila.
Reta y'Urwanda nta co iravuga kuri aya majambo ya Perezida Tshisekedi.
BBC yasavye umushikiranganji w'Urwanda ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Olivier Nduhungirehe, kugira ico ashikirije, ariko akaba yishuye mu butumwa bugufi ati "ntabwo twahora dusubiza ibyo Tshisekedi avuga ku Rwanda".
Mw'ijambo ryiwe, Perezida Tshisekedi, atarya umunwa, yagirije igihugu c'Urwanda na Perezida Paul Kagame akirongoye kugira uruhara mu ntambara ibera mu buseruko bwa Congo, kandi ko ari co kiriko gikoresha Kabila.
Ku bwiwe, ishingwa ry'umuhari FRN ni amayeri y'Urwanda mu ntumbero yo kwereka amakungu ko ari ingorane y' Abanyekongo ubwabo, akavuga ko ari inkurikizi z'ibikorwa vya diporomasi vya reta arongoye, vyo kwerekana ingene Urwanda ari rwo rupfukamye mu nda igihugu ciwe, vyatumye rufatirwa ibihano.
Ati: "Ni co gituma rwaciye rusaba umukozi warwo yakorera mu gifuri gusohoka kugira ngo afate ubuyobozi bw'ubu bugizi bwa nabi, kuko vyari ngombwa guha ico kibazo ishusho y'uko ari ikibazo c'abanyekongo ubwabo.
"Vyabaye ngombwa rero ko ava mu bwihisho, afata ibintu mu minwe, kugira ngo yerekane ko ari ikibazo kiri hagati y'abanyekongo. Imana ishimwe, nta n'umwe atabibona.
"Mbere ikintu canshimishije kuruta ibindi ni uko abenegihugu bacu, baba abanyapolitike canke abanyagihugu basanzwe, bose hamwe bahurije ku kwiyamiriza ivyo bikorwa."
Tshisekedi abona ko Kabila yahemukiye igihugu n'abenegihugu yigeze kurongora, kandi ko ari icerekana ko mu kiringo c'imyaka 18 yamaze arongoye igihugu ata rukundo yigeze agirira igihugu na beneco.
Yongeyeko ati: "Kuko iyo ukunda igihugu n'abanyagihugu baco, ntushobora kuja mu bintu nk'ivyo. Jewe nifatiyeko akarorero, nanje narabaye mu bihe nk'ivyo: igihe twarwanya intwaro z'agahotoro zitandukanye zigeze kuba muri iki gihugu, nta na rimwe twigeze twiyumvira gufata ibirwanisho ngo turwanye igihugu cacu.
Ku wa 12 z'uku kwezi kwa Gitugutu(10), ni ho hatangazwa ku mugaragaro ishingwa rya FRN kandi ko irongowe na Joseph Kabila, mu ntumbero yo gushira hamwe ico uno muhari mushasha wise "inguvu zo guhangana" kugira ngo urangize ico wise ubutegetsi bw'agahotoro no gushiraho umurongo mushasha wa poritike y'igihugu.
Imbere y'uko Perezida Tshisekedi agira ico ashikirije kuri Kabila na FRN yiwe, reta ntiyari bwigere ishikiriza ku mugagararo aho ihagaze, uretse bamwe mu banyaporitike bakorana na yo bagiye banegura ingingo ya Joseph Kabila yo kurongora uno muhari wasubiriye AFC/M23.
Eka n'Ububirigi, igihugu cahoze kirongoye RD Congo mu gihe c'ubukoloni, bwariyamirije ishingwa ry'uno muhari, aho Maxime Prévot, umushikiranganji w'imigenderanire, yavuze ko "bibabaje cane" kubona umuntu yahoze arongoye igihugu akaba na we nyene muri ico gihe yarahuye n'ingaruka z'imirwi yitwaje ibirwanisho ahitamwo "kuba indongozi y'umurwi wa politike na gisirikare urondera gushika ku butegetsi ukoresheje ibirwanisho.

Joseph Kabila wahoze ari Perezida wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) yatangajwe ko ari umukuru w’umutwe mushya wa politike na gisirikare,
nkuko bikubiye mu itangazo ryasomwe ku wa mbere mu mujyi wa Goma wo mu burasirazuba bw’icyo gihugu.
Uwo mutwe w’inyeshyamba, witwa ‘Front pour la Refondation de la Nation’ (FRN), uvuga ko washinzwe n’abashaka guhuza imbaraga zabo n’amikoro muri gahunda y’igikorwa gihuriweho.
Mu itangazo ryasomwe na Claude Ibalanky, wahoze ari umujyanama mukuru ndetse n’ambasaderi wa Perezida Félix Tshisekedi yatumaga mu bihugu binyuranye, ubu akaba akorana n’uwo mutwe, abawushinze bavuze ko intego yabo ari “ukubohora” igihugu.
Nta cyo abategetsi b’i Kinshasa bari batangaza ku ishingwa rya FRN.
Itangazo ry’ishingwa ry’uwo mutwe risubiramo ingingo ya 64 yo mu itegekonshinga rya DRC, ivuga ko abaturage bafite inshingano yo kurwanya umuntu uwo ari we wese cyangwa umutwe uwo ari wo wose ufashe ubutegetsi ku ngufu cyangwa ubukoresha mu buryo bunyuranyije n’itegekonshinga.
FRN yisobanura nk’umutwe wa politike na gisirikare ufite intego yo guhuza icyo wise “imbaraga zo guhangana” mu rwego rwo kurangiza icyo wise ubutegetsi bw’igitugu no gushyiraho umurongo mushya wa politike w’igihugu. Itangazo rivuga ko uwo mutwe uzaharanira iyo ntego “mu buryo bwose, harimo n’ingufu”.
Abawushinze banatangaje ubutegetsi bw’agateganyo bwawo ndetse bashyiraho uwahoze ari Perezida Kabila, bamuhurijeho bose, nk’umukuru wa FRN, mu gihe hagitegerejwe ishyirwaho ryuzuye ry’inzego z’uwo mutwe.
Mu bandi bagize uwo mutwe harimo:
- Corneille Nangaa: Visi Perezida
- Bertrand Bisimwa: Visi Perezida
- Sultani Makenga: Umugaba mukuru wo ku rwego rwa Visi Perezida
- Freddy Kaniki: Umunyamabanga mukuru
- Benjamin Mbonimpa: Umunyamabanga mukuru wungirije
Abo bari basanzwe ari abakuru b’umutwe w’inyeshyamba wa AFC/M23 urwanya ubutegetsi bwa DRC. Inzobere za ONU zishinja AFC/M23 gufashwa n’u Rwanda, ikirego u Rwanda rwakomeje guhakana. Ntibisobanutse neza niba umutwe wa FRN uje gusimbura uwa AFC/M23.
Mbere, Kabila, w’imyaka 55, yahakanye gukorana n’umutwe wa AFC/M23, ugenzura ibice byinshi byo mu burasirazuba bwa DRC, birimo n’imijyi ya Goma na Bukavu.

Itangazwa ry’uwo mutwe ribaye hashize iminsi itatu Kabila agejeje ijambo ku gihugu
aho yavuze ko mu minsi no mu byumweru biri imbere azasobanura ukuntu Abanye-Congo bakwiye gukora mu rwego rwo “gutabara” igihugu cyabo.
Muri iryo jambo yavuze ko igihugu gifitanye “isango [gahunda] n’amateka” ndetse ashinja ubutegetsi bwa Perezida Tshisekedi kwirengagiza ibyifuzo yatanze muri Gicurasi (5) mu 2025, harimo n’ingamba zigamije kurangiza intambara mu burasirazuba bwa DRC.
Muri iryo jambo, Kabila yanashinje leta ya DRC kubangamira ubutegetsi bushingiye ku itegekonshinga, gucunga nabi ubukungu bw’igihugu no kunanirwa guteza imbere umutekano. Yanashinje ubutegetsi guta muri yombi nta mpamvu abatavuga rumwe na bwo muri politike hamwe n’abasirikare. Leta ya DRC ntirasubiza ku mugaragaro kuri ibyo birego.
Itangazwa ry’uwo mutwe ryo ku wa mbere ni cyo kimenyetso cya mbere kigaragara cyane kugeza ubu cy’uruhare rutaziguye rwa Kabila mu mutwe witwaje intwaro urwanya ubutegetsi bw’i Kinshasa.
Kabila yategetse DRC imyaka 18, kuva mu mwaka wa 2001 kugeza muri Mutarama (1) mu mwaka wa 2019, ubwo Tshisekedi yajyaga ku butegetsi nyuma y’amatora ataravuzweho rumwe. Mu myaka ya vuba aha ishize, uwo wahoze ari Perezida ahanini yakomeje kutigaragaza cyane mu ruhame ariko yarushijeho kunenga ubutegetsi bw’uwamusimbuye.